Amakuru
5 février 2021

Hari umukenyezi yakomerekejwe mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri

Hari umukenyezi yakomerekejwe mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri. Hari mu gitero cagizwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, bateye muri village ya 1, bagana inzu yo kuri nomero 88 y’umuryango wa Sambara Saidi, yashoboye guhunga. Amakuru ava ngaho mw’ikambi akavuga ko impunzi ziri mu bwoba bwinshi kubera ibitero biba muri iyo kambi. Bagasaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR kubakingira nk’impunzi.