Amakuru
10 octobre 2023

Hari mu kuboneka ayandi masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya (Shingiro)

Imbere y’uko uyu mwaka uhera, leta y’Uburundi izoba yarashize umukono ku masezerano mashasha yo gufashanya n’umuryango w’ibihugu vya Buraya kuko amasezerano bitiriye ya Cotonou yaheze. Bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, akemeza ko ayo masezerano azofasha ko hatangwa imfashanyo y’amafaranga uwo muryango wemereye Uburundi. Albert Shingiro akaba yabimenyesheje mu kiganiro abashikiranganji bahaye abanyagihugu ku wa gatanu uheze. Ariko kandi akavuga ko iyo mfashanyo iba ije gufasha mu migambi y’iterambere atari ya yindi iha ubushobozi ivyo bihugu gutegeka ibikorwa.