Amakuru
28 avril 2023

Hari ivyihutirwa vyo gukora imbere yo kuvuga umugambi w’2040

Inama igira kabiri ku bijanye n’ubutunzi yarasozerewe i Bujumbura ku wa gatanu igenekerezo rya 21 Ndamukiza. Ikaba yashimikiye kurabira hamwe ibibazo bihanze ibisata vy’ubuzima bw’igihugu kugira igihugu gishikire ihangiro ryo kuba igihugu kiri mu biriko biratera imbere mu mwaka w’2040, kikaba kandi igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060. Abahinga batandukanye bakaba barashikirije ingorane z’ivyo bisata ahanini zifatiye ku kubura amafaranga yo kubitunganya, ahandi na ho ugasanga zifatiye ku kubitunganya neza.