Hariho ivyahindutse mu nzira nziza mu Burundi mu bisata bimwe bimwe vy’igihugu, ariko kandi impinga iracari ndende kugira havugwe agateka ka zina muntu. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu IDHB, casohotse kuri uyu wa 23 Ruheshi umwaka w’2021 ku vyaranguwe mu kiringo c’umwaka Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Carina Tertsakian, umushakashatsi wo muri iryo shirahamwe, avuga ko abona ko nko mu gisata c’ubutungane n’umutekano hari vyinshi vyo gukora. Agasaba Leta y’Uburundi guhana abagirizwa ko bakora ayo mabi.
Amakuru
24 juin 2021