Insiguro umuntu yotanga ku gituma hari amahinguriro y’ibinyobwa akora adakwije ivyangombwa, ni uko ahabwa impusha zo gukora biciye mu nzira zitari zo. Binegurwa n’umushiranganji w’Ubudandaji n’amahinguriro, avuga ko ivyo bikorwa n’abakozi bamwe bamwe b’ubushikiranganji arongoye barinze guhabwa ibiturire. Umushikiranganji akaba yabivugiye mu nama aheruka kugirana n’abafise amahinguriro mu gihugu.
Amakuru
24 octobre 2022