Ikiza ca Corona caragabanutse ku rugero rushimishije ku buryo mu minsi iza gishobora kuba cazimanganye mu Burundi. Dr Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu, yabimenyesheje kuri uyu wa kane inyuma y’inama y’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ico kiza. Uwo asanzwe ari icegera c’uwurongoye uwo murwi yanamenyesheje ko abantu bashika ijana aribo bicandagisha ku ndwi ku ndwi.
Amakuru
29 octobre 2021