Amakuru
25 février 2021

Hari hakwiye kuba ivyigwa bikomeye vyo kwerekana ingaruka y’ingingo ya Leta y’Uburundi yo gusambura utuzu tw’ubudandaji turi hanze y’amasoko ku butunzi bwa bene utwo tuzu

Ingingo ya Leta y’Uburundi yo gusambura utuzu tw’ubudandaji turi hanze y’amasoko ni nziza cane. Ariko rero, vyasaba ko habanza kuba ivyigwa bikomeye vyo kwerekana ingaruka y’iyo ngingo ku butunzi bwa bene utwo tuzu. Ivyo bisigurwa na André Nikwigize, yize ivy’ubutunzi.