Amakuru
11 juin 2022

Harakwiye ubutungane ku banywanyi b’umugambwe MPD-FGLBU bahagaritswe hadakurikijwe amategeko

Leta y’Uburundi yari ikwiye guhagarika ukuburagiza imigambwe mishasha iriko iravuka. Vyashikirijwe na Germain Rukuki, arongoye ishirahamwe Tugire urunani kugira dushigikire abaharanira agateka ka zina muntu babangamiwe (ESDDH), mu rwandiko ryaraye risohoye kuri uyu wa 09 Ruheshi. Yabivuze mu gihe haheze amezi yababa atatu abanywanyi b’umugambwe mushasha MPD-FGLBU bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Germain Rukuki agasaba ko abo bapfunzwe botunganirizwa.