Amakuru
18 mai 2023

Harageze ko leta ifata ingingo zikwiye zo guhagarika ubwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu

Ubwicanyi bwasubiye kuba ndanse mu Burundi busigurwa na vyisnhi, cane cane agacerere k’abategetsi, ukudahana, eka n’amabi akorwa n’inzego z’umutekano. Ivyo bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akaba afatira nko kuvyabereye mu Kayanza aho umugabo yicishije abana biwe babiri imbugita, abagabo babiri bavukana bakica umukenyezi w’umwe muri bo, eka n’ibundi bwicanyi butandukanye bumaze imisi bwibonekeza.