Amakuru
5 mai 2022

Haracibonekeza abagandagurwa n’ababurwa irengero mu Burundi

Mu kwezi kwa Ndamukiza 2022, abantu 21 baragandaguwe, 2 baranyuruzwa baraburwa irengero, 23 barahagarikwa hadakwirikijwe amategeko, hamwe n’abandi 5 basinzikarijwe ubuzima. Biri mu cegeranyo c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Nk’uko bishikirizwa na Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, ayo mabi akorwa n’Imbonerakure, bamwe mu basirikare no mu bapolisi, hamwe na bamwe mu bakozi b’iperereza. Ishirahamwe ACAT-Burundi rigasaba leta y’Uburundi gukingira umutekano w’abanyagihugu no gukora amatohoza ku biziga biguma bitorwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.