Amakuru
6 octobre 2023

Haracariho utunenge mw’itangwa ry’amasoko ya leta (Pr Masabo)

Gushika uyu munsi haracariho amasoko ya leta agitangwa hakurikijwe aka mwana wa mama, hari ayatangwa mw’ibanga, hakaba ayatangwa vyumvikanyweko n’abantu. Ivyo ni ivyerekanwa n’umwigisha muri kaminuza Michel Masabo mu matohoza yakoze ajanye n’itangwa ry’amasoko ya leta kuva mu mwaka w’2012 gushika mu 2021. Akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, OLUCOME. Michel Masabo agasaba ko mw’itangwa ry’amasoko hokurikizwa amategeko, abayarenzeko bagahanwa.