Amakuru
25 juin 2021

Hakwiriye ubutungane ku bateshejwe izabo mu 1993

Igihe cose igihugu cacu kizoba kikirongowe n’abagize urahara mu bwicanyi bwo mu mwaka w’1993 bwatumye abacitse kw’icumu baja kuba mu makambi y’impunzi, nta mahoro abo bateshejwe izabo bazokwigera baronka. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonyabwoko AC-Génocide, igisata co muri Canada. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’iryo shirahamwe, akamenyesha ko hakwiriye ubutungane kuri abo bantu aho kubahatira gusubira mu zabo.