Amakuru
11 août 2023

Igandagurwa ry’Abahutu mu 1960 ryabaye inyuma y’aho hahatswe guhirikwa intwaro ya cami

Ku bw’ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso, igisata ca Canada, umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, CVR, wamye ukoreshwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bubicishije kuri Pierre Claver Ndayicariye, amenyerewe mu bubeshi. Bivugwa na Dr Emmanuel Nkurunziza, arongoye iryo shirahamwe, akibutsa ko ubwo bwicanyi bwabaye inyuma y’aho hahatswe kuba gutembagaza intwaro ya cami, biteguwe na bamwe muri izo ncabwenge z’Abahutu, bisunze ico bise « révolution sociale » mu Rwanda y’ico gihe. Ku bwa Dr Emmanuel Nkurunziza, umurwi CVR wategerezwa no kwerekana ko hariho Abatutsi bishwe ico gihe nyene mu ntara ya Muramvya.