Amakuru
4 novembre 2021

Hagiye gushirwaho urwego rukurikirana iyinjira ry’ibanki y’igihugu mu ma banki agize EAC

Gusaba ko ibanki y’igihugu yemererwa kuba imwe mu zindi zigize ibanki ijejwe iterambere ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, n’ishirwa mu Burundi ry’ikigo kijejwe ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu muryango ugize ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Ni bimwe mu bikorwa vyatunganijwe mu bushikiranganji bujejwe ibikorwa vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umushikiranganji Ezéchiel Nibigira, aho yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji ajejwe.