Amakuru
29 novembre 2023

Gutorana ku bakenyezi ni inkingi y’iterambere n’amahoro birama (ML Baricako)

Itegeko ryo gutorana ku bakenyezi n’abigeme ritegerezwa gushirwa ku rutonde rigatorwa ku neza y’igihugu. Ako ni akamo gaterwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Mari Louise Baricako awurongoye, agasaba abategetsi kutaguma bitwaza imigenzo yahitiye kugira abakenyezi batebe baronswe uburenganzira bwabo.