Amakuru
16 février 2022

Gutanga ikibazo ku barimu, ni vyo vyumvikanywe mu biganiro hagati ya leta n’abigisha

Hagiye gutunganywa ikibazo ku bigisha bo mu mashure mu ntumbero yo kumenya ibikenewe mu mashure hamwe n’ugutanga ibibazo ku bana bo mu mashure. Ngo ni bimwe mu vyavuye mu masezerano yabaye hagati y’ubushikiranganji bw’Indero n’urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA. Vyavuzwe kuri uyu wa mbere na Sylvestre Ntibantunganya, arongoye Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’abakozi n’abakoresha. Akaba yariko amenyesha ivyavuye muri ivyo biganiro.