Amakuru
6 février 2023

Intwaro ibereye yokwibonekeje mu gihugu citwa ko cubakiye ku bumwe bw’abanyagihugu

Ubumwe bw’Abarundi bwategerezwa kuba akaryo ko kwubahiriza intwaro ibereye no kwubahana mu vyiyumviro vya politike bitandukanye. Ivyo vyashikirijwe na bamwe mu bahoze barongoye igihugu n’abanyepolitike, hari igihe hariko harasozerwa indwi yahariwe ubumwe bw’Abarundi i Bujumbura, ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Ku bwa Sylvestre Ntibantunganya, Domitien Ndayizeye na Agathon Rwasa, ukuntu bimeze mu gihugu mu bijanye n’intwaro ntibigaragaza ubwo bumwe. Bakaba kandi babivuze mu gihe kuri uyu wa mbere ari ho haba ibirori vyo guhimbaza umunsi wahariwe ubumwe, uhimbazwa ku wa 05 Ruhuhuma, kuva mu mwaka w’1991.