Amakuru
12 juillet 2023

Impari ziri hagati ya leta n’abakozi ku kibazo co gukukuruka zisaba gusoma ico amategeko avuga

Hari icizere ko leta n’abakozi baheruka gushirwa mu bukukuruke bumvikana. Ivyo vyemezwa na Sylvestre Ntibantunganya, arongoye umurwi ujejwe ibiganiro mu kazi. Abishikirije inyuma y’aho hibonekeje imyidogo y’amasendika y’abakozi bo mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu zanka ko abakozi bakukurutswa ku myaka 60. Sylvestre Ntibantunganya akavuga ko uwo murwi uzogira ico uterereye mu gihe leta n’abo bakozi bazobisaba. Akaba yabivugiye kuri micro ya bagenzi bacu bo kuri Télévision Isanganiro.