Amakuru
29 décembre 2023

Guta agaciro kw’amahera y’amarundi kwatumye hasubirwamwo amahera leta izokoresha (J. Niyonzima)

Inama nshikiranganji yaremeje integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga reta izokoresha muri uyu mwaka w’2023-2024, mu nama yayo yabaye ku wa 13 Kigarama. Bakaba bayemeje babanje gushiraho ingingo zimwe zimwe nko gufuta imigambi muri imwe yari yategekanijwe mu mafaranga leta izokoresha. Izindi ngingo zafashwe ni nk’ukworohereza abazana isukari mu Burundi, kuduza ikori ku binjiza ibintu vy’agaciro kugira binezereze nk’imiduga n’imivinyu, bafata n’ingingo yo guhagarika kugura imiduga kiretse iy’igisirikare, igipolisi n’igisata c’ubutungane.