Amakuru
23 mai 2023

Gushiraho itegeko ritegekanya ugushikirizwa amakuru birihutirwa mu Burundi

Gushiraho itegeko rituma umuntu wese aronswa amakuru canke inyandiko yipfuza ni imwe mu ngingo zashitsweko mu nama rukokoma yo kumenyesha amakuru yo mu 2011. Inyuma y’imyaka 12, integuro y’iryo tegeko iracari mu migambi y’ubushikiranganji bwo Kumenyesha amakuru.

None icari catumye uwo mugambi ujaho cari ikihe ?

Ukutaronswa amakuru kwoba kwaragize ingaruka mbi ku banyagihugu bayagenewe ?