Journal
17 décembre 2021

Gushiraho ibindi bibanza abantu bapimirwamwo Corona i Bujumbura ni iyindi ntambwe leta yateye

Ibibanza bitandatu vyo gupimiramwo Corona bizokwugururwa kuva mu ndwi iza mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kugabanya imirongo miremire y’abipimisha yibonekeza ku bibanza bitatu vyari bihasanzwe. Muganga Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu, yabishikirije kuri uyu wa kane inyuma y’inama y’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ico kiza mu Burundi. Uwo mushikiranganji arahimiriza kandi Abarundi ko bobandanya bubahiriza amabwirizwa yo kwirinda Corona, bakipimisha bakagabanya n’ingendo zidakenewe.