Amakuru
25 juin 2024

Gushira umukono ku masezerano nyafrika y’intwaro rusangi kwogira akamaro kanini ku Burundi (OLUCOME)

Leta y’Uburundi yategerezwa kwihutira gushira umukono wa nyuma ku masezerano ya Afrika agenga intwaro rusangi, amatora n’intwaro ibereye kugira igihugu kigirirwe icizere mu gutunganya ivy’igihugu. Bisabwa n’ishirahamwe OLUCOME, rirwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta, hari mu kiganiro umuvugizi w’iryo shirahamwe yagiranye n’abamenyeshamakuru ku wa mbere. Jean Nduwimana asaba abategetsi b’Uburundi guheraheza gushira mu ngiro kwemeza ayo masezerano kugira afashe mw’itunganywa ry’ubuzima bw’igihugu.