Amakuru
22 novembre 2021

Gusambura inzu zubatswe ahatariho birahitana n’izubatse mu mategeko

Ibikorwa vyo kubomora inyubako bivugwa ko zidakurikije amategeko mu gisagara ca Bujumbura birabandanya. Kuri uyu wa gatandatu hatandukiriwe komine ya Muha. Mu babomorewe amazu, bamwe bakaba bavuga ko bafise impapuro zemewe n’amategeko, bavuga ko barenganijwe.