Amakuru
30 novembre 2023

Gukurikirana no kwigisha abana bo mw’ibarabara, umugambi usa n’uwananiranye

Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’abana bo mw’ibarabara, leta yarashizeho ikigo co kubafasha kwiga mu ntara ya Cankuzo. Yamara intumbero ico kigo cari gifise isa n’iyitashitsweko. Abanyagihugu baba mu micungararo y’ico kigo, bemeza ko abo bana birirwa barayerera mu mabarabara yo muri ako gace.