Amakuru
19 novembre 2021

Gukora imigambi ishobora guhurumbirwa n’abanyamitahe, niyo ngorane leta y’Uburundi ifise

Abategetsi b’Uburundi bakwiye kwibaza igutuma imigambi yo guteza imbere igihugu bashiraho itigera ishirwa mu ngiro. Bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rigwanya igiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta (OLUCOME) mw’itangazo basohoye. Akaba yabishikirije igihe leta y’Uburundi yatanguje ibiganiro bizomara iminsi ibiri : kuri uyu wa kane itariki 18 n’uwa gatanu itariki 19 Munyonyo. Muri iryo tangazo, OLUCOME isaba ko boshiraho umurwi w’igihugu wigenga woba urimwo amashirahamwe yigenga, abaserukira leta hamwe n’abakora ivy’ubudandaji kugira iyo nama igire ico ishitseko.