Amakuru
14 février 2024

Guheba gupfunga umumenyeshamakuru kwari kwiza ariko amakenga yo ntiyobura (I. Muhozi)

Umumenyeshamakuru ntazosubira gupfungwa kubera ivyo yakoze mu mwuga wiwe wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Ivyo ni bimwe mu bizohinduka mw’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru nk’uko vyashikirijwe mu Nama nshikiranganji iheruka, aho yamenyesheje ko uwuzotirigana azocirirwa amande gusa.
None iryo bwirizwa rishasha ni ryashirwaho, twokwizera ko ata mumenyeshamakuru azosubira gupfungwa kubera umwuga wiwe ?