Amakuru
18 mars 2024

Guha ibirwanisho Imbonerakure nta kindi bishobora kuvyara mu gihugu atari ubwicanyi (FOCODE)

Urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD-FDD rutegerezwa kwigishwa ivya gisirikare rukanaronswa ibirwanisho kugira rukingire igihugu hako rugira défilé gusa. Icipfuzo cashikirijwe na Manassé Nzobonimpa, yahoze ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, imbere y’abanywanyi b’uwo mugambwe ku mutumba Kagirigiri, zone Mitakataka, komine n’intara ya Bubanza. Ako kamo kakaba katewe mu gihe Uburundi buriko buraja mu matora yo mu mwaka w’2025. Ako kamo katewe muri kino gihe kakaba gatuma hibazwa ibitari bike.

Mbega amategeko y’Uburundi yoba yemerera Abarundi batari mu nzego z’umutekano gutunga ibirwanisho ?