Amakuru
25 janvier 2024

Gufata abantu barondera amahoro nk’umurwi w’iterabwoba, ni ukugomba kubahonya (E. Nibizi)

Umwaka w’2025 ni umwaka w’amatora mu Burundi. Uko uwo mwaka wegereza ni ko akariro ka politike kaduga. Ubutegetsi bw’i Gitega buhahaza cane umugambwe CNL. Mu maso y’ubwo butegetsi, ivyaha ku mugambwe wa Agathon Rwasa bitera vyiyongera, hageze aho wagirizwa kwifatanya n’imirwi y’iterabwoba. Mu vyo aheruka kwandika, Martin Niteretse, aramutswa ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, yagiriza uwo mugambwe kuba wateye igikumu ku rwandiko rw’imirwi y’abanyepolitike batabaza abahagarariye amasezerano y’i Arusha.

None ni iki uwo mugambwe wa Agathon Rwasa woba uzira ?