Gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya bisubiye, bizanira akarusho kanini abanyagihugu b’abarundi. Bivugwa n’umuhinga mu bijanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu Méthode Ndikumasabo, asanzwe ari n’umwarimu muri Kaminuza. Akabona ko uretse inyungu zivuye ku mfashanyo y’amafranga atangwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, hariho n’inyungu zivuye kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu ritegerezwa kujana n’imfashanyo itangwa n’Ubumwe bwa Buraya.
Amakuru
6 février 2021