Amakuru
5 février 2021

Gufasha gusohora igitabo citwa « La Cicatrice », n’ukuvuga « Inkovu », ni intererano mu kwubaka igihugu

Gufasha gusohora igitabo citwa « La Cicatrice », n’ukuvuga « Inkovu », ni intererano mu kwubaka igihugu. Kubwa Antoine Kaburahe, arongoye ikigo Iwacu c’ugutunganya no gusohora ibitabo, giheruka gusohora ico gitabo canditswe na Lydia Ininahazwe Sentamo, ngo ivyo uwo Lydia avugamwo ni ivy’inkoramutima vyofasha mu gusubiza hamwe imitima. Ati ni nkenerwa cane mu gihugu caciye mu mabi nk’Uburundi.