Amakuru
21 juillet 2022

Gérard Ndayisenga, yahoze akorera iperereza, ntakirangwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Gérard Ndayisenga ntakirangwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 16 Mukakaro umwaka w’2022. Uwo yahoze ari mu bategetsi bo mw’iperereza yari yahagaritswe yongera arapfungwa inyuma yo kuboreza igufa no kwica Augustin Matata, umunywanyi w’umugambwe CNL. Inzego z’iperereza ngo ni zo zoba zarafashije iryo rekurwa, ibiteye amakenga Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Ku bw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, ngo iyo nyifato ije kwerekana kandi ko ubutungane bw’Uburundi butigenga.