Amakuru
17 septembre 2021

Francine Niyonsaba yirutse mu mahiganwa y’abakobwa umwanya w’akataraboneka ku metero 2000 i Zaghreb

Francine Niyonsaba asozereye umwaka wiwe w’amahiganwa mu buryo budasanzwe. Kukaba nka ko, uwo munonotsi w’Umurundikazi ahejeje kwiruka mu mwanya utari bwaboneke na rimwe ku metero 2000. Aho hari ku munsi wa kabiri i Zaghreb mu gihugu ca Croatie. Akaba yagiye musi y’umwanya wari uwa mbere amasegonda abiri, uwo mwanya ukaba wari wirutswe n’Umunyetiyopiya Gendebe Dibaba mu 2017. Ico gikorwa c’igitangaza kikaba ciyongeye ku bindi yagize mu kiringo c’indwi zitatu gusa.