Amakuru
23 septembre 2021

Umunonotsi Francine Niyonsaba yatahanye intsinzi yiwe mu Burundi

Ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, hasa n’ahari umunsi mukuru mu gitondo co kuri uyu wa gatatu. Abantu isinzi bari barindiriye umunonotsi Francine Niyonsaba. Acururuka indege aho yakiriwe n’umukuru w’igisagara Jimmy Hatungimana, yaciye yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru aho yavuze ko afise umunezero ntangere. Francine Niyonsaba yagarutse ku midari ya mbere yatwaye mu bihugu bitandukanye : Leta zunze ubumwe za Amerika, Ubufaransa, Ububirigi, Ubuswise na Croatie. Akaba nawe nyene yumva ko izo ntsinzi zose zatumye aba umuntu adasanzwe.