Amakuru
4 juin 2021

Francine Niyonsaba aronse uburenganzira bwo kuja mu nkino mpuzamakungu zizobera i Tokyo

Umunonotsi rurangiranwa w’Umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye aronse uburenganzira bwo kuja mu nkino mpuzamakungu za Jeux Olympiques zizobera i Tokyo mu gihugu c’Ubuyapani mu kwezi kwa Mukakaro uno mwaka. Ni inyuma yo kwiruka imetero 5000 mu minota cumi n’ine namasegonda mirongo itanu n’ane mw’ihiganwa ryitwa Meeting International de Montreuil 2021. Francine Niyonsaba akavuga ko agiye kubandanya imyimenyerezo ikomeye kugira azoserukire neza igihugu.