Amakuru
12 octobre 2021

FORSC iriyamiriza isamburwa ry’amazu yubatswe ahatarekuwe

Ishirwa mu ngiro ry’itegeko ribwiriza gusambura inyubako zitubahirije amategekp riravangura. Ivyo biri mu cegeranyo gihejeje gusohorwa n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike (FORSC) ku bijanye n’iryo tegeko. FORSC ikabivuga ifatiye ku nyubako z’umugambwe CNDD-FDD zo zitigera zikorwako kandi zubatswe mu bibanza vyitirirwa ko bibujijwe kwubakamwo, ufatiye kw’itegeko ry’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati. Kurikira insiguro za Vital Nhimirimana, arongoye ishirahamwe FORSC.