Amakuru
16 août 2024

Floriane Irangabiye yarekuwe kuri uyu wa 16 Myandagaro, umuhari Inamahoro uramukeje

Floriane Irangabiye yarekuwe. Yasohotse ibohero rya Bubanza kuri uno wa gatanu isaha cumi n’imwe n’igice. Floriane Irangabiye yarekuwe ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu cashizweko umukono itariki 14 Myandagaro, inyuma y’imyaka yababa 2 apfunzwe. Abaharanira agateka ka zina muntu batigeze bahengeshanya gusaba ko arekurwa, bakaba bakeje iyo ngingo. Muri bo hakaba harimwo Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba y’uko na Emilienne Sibomana na Sandra Muhoza barekurwa. Akaba atera akamo abategetsi kwikubita agashi bagashira ku murongo ubutungane kugira buhebe gupfunga abanyagihugu bubahora ubusa.