Amakuru
29 février 2024

Floriane akwiye kurekurwa kubera ata cemezo na kimwe cerekanwe ku vyo aregwa (M.L. Baricako)

Floriane Irangabiye aba amaze kurekurwa iyo ubutungane buba bwigenga. Ivyo bivugwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mw’itangazo uheruka gusohora. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akavuga ko ingingo iheruka gufatirwa umumenyeshamakuru Floriane yo kugumizwa mu munyororo imyaka cumi iri mu bitosekaza isura y’igihugu. Marie Louise Baricako agasaba ko yorekurwa kandi ata gisabwe kubera ariko ahorwa ubusa.