Amakuru
24 août 2021

Evariste Ndayishimiye n’abo bakorana bakwiye kubera akarorero Abarundi bose mu kubahimiriza kuja kwisuzumisha bakanicandagisha ikiza ca Corona

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yataye umwanya wiwe mu gusaba Abarundi guhanura umumenyashamakuru wo muri RFI avuga ko Covid-19 yimonogoje mu Burundi. Kuko uwo mumenyeshamakuru azobandanya gukora akazi kiwe mu kwerekana ibitagenda neza mu gihugu. Ibi bishikirizwa na Franck Kaze, umumenyeshamakuru yigenga. Kuri we ngo nyabuna umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’abo bakorana bobera akarorero Abarundi bose mu kubahimiriza kuja kwisuzumisha bakanicandagisha ikiza ca Corona.