Amakuru
13 octobre 2023

Domine Banyankimbona afata minenerwe ihonyangwa ry’uburenganzira bw’abanyororo (ACAT-Burundi)

Amajambo yashikirijwe n’umushikiranganji w’Ubutungane ku bapfunzwe hadakwirikije amategeko arateye isoni. Binegurwa n’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi. Domine Banyankimbona akaba yabivuze igihe hariko haraba ikiganiro caremeshejwe n’abashikiranganji ku munsi wa gatanu uheze, akaba yavuze ko ata banyororo bapfunzwe batagira ama dosiye, eka ko ata n’abankirwa kuja kwivuza hanze. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe ibijanye n’amategeko muri ACAT-Burundi, akaba abona ko kubihakana ari nk’ukwimaramaza kuko bizwi ko ari ukuri. Atangazwa ahanini n’ivyo Domine Banyankimbona yashikirije ku munyororo Christian Butoyi apfunzwe yagirizwa igandagurwa ry’ababikira b’Abataliyanokazi, kandi bizwi ko uwo Christian arwaye mu mutwe.