Amakuru
21 septembre 2023

CVR yaramaze kwitesha agaciro mu gushikiriza ibinyoma, nk’uko bivugwa na Emmanuel Nkurunziza

Umurwi w’Igihugu wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR urabesha mu kwemeza ko mu mwaka w’1972 habaye ihonyabwoko ryakorewe Abahutu kuko umuhari UBU wateguye ubwicanyi wari wateguye kwica Abatutsi. Bivugwa n’umuhinga mu gusoronga imvugo n’ibijanye n’ihonyabwoko. Dr Emmanuel Nkurunziza abivuze inyuma y’aho CVR igiye gutangira icegeranyo imbere y’Inama nkenguzamateka na nshingamateka kuri uyu wa mbere. Akabona y’uko CVR yamaze kwitesha agaciro.