Amakuru
10 septembre 2021

CVR irirengagiza ko umuntu akwirikiranwa ku gatwe kiwe

Ibikorwa vy’umurwi CVR ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira biteye kubiri n’ivyari bitegekanijwe n’amasezerano ya Arusha. Bivugwa na Karoli Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Uwo mugambwe UPRONA ukaba usanzwe wagirizwa n’umurwi CVR kuba waragize uruhara mu bwicanyi bwo mu mwaka w’1972. Karoli Nditije akagiriza uwo murwi ko uriko urateranya Abarundi mu gufatira mu kivunga wagiriza abantu ata matohoza abanje kuba, mu gihe icaha c’ubwicanyi cagira umuntu ku giti ciwe.