Amakuru
25 janvier 2022

CNDD-FDD ishaka kugira igisoda cayo kugira igume ku butegetsi

Ukwigisha urwaruka inyigisho za gisirikare bitegekanywa n’umugambwe uri ku butegetsi, bigamije gushiraho igisirikare ha ruhande y’ica leta kizoba kiyoboka umugambwe CNDD-FDD. Ivyo ni ibishikirizwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Akaba abivuze inyuma y’aho Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, amenyeshereje ko bagiye gutanga inyigisho ku rwaruka rushobora no kuja kugarukana amahoro mu bihugu vyo hanze. Jérémie Minani akabona ko ari ugushaka gushiraho akaryo ko kwigisha imirwi y’inkorabara mu ntumbero yo kugumizaho umugambwe ku butegetsi ku nguvu.