Amakuru
30 avril 2024

Abatwara Uburundi basa n’abatabona urugero rw’ubukene igihugu kirimwo (F. Ndikumana)

Ukunagura ibiterwa bishorwa mu mahanga nk’ikawa, amavoka, hamwe n’ugushora hanze ifumbire mu myaka ine iri imbere, ni bimwe mu mpinduka umugambwe CNDD-FDD ushaka gushira imbere kugira ikibazo c’amafaranga mvamakungu kiri mu gihugu gihere. Vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 24 Ndamukiza umwaka w’2024, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru inyuma y’inama y’abaserukira abandi mu mugambwe yari imaze iminsi ibiri ibaye.

Izo ngingo zishasha zoba zikwiye kugira zinagure ubutunzi bw’igihugu ?