Amakuru
19 janvier 2024

Gushira Imbonerakure mu nzego z’umutekano ni ugukwegera Abarundi mu bwicanyi (UPD-Zigamibanga)

Gukoresha urwaruka rw’Imbonerakure ibikorwa vy’inzego z’umutekano gushobora gukwegera akarambaraye Uburundi. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe utavuga rumwe na leta UPD-Zigamibanga. Abivuze inyuma y’aho umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, ahamagariye Imbonerakure gutabara igihugu kubera gisigaranye abasoda bake. Hari ku munsi wa gatanu uheze igenekerezo rya 12 Nzero, mu ntara ya Cibitoke. Mugwengezo agahamagarira Abarundi guhaguruka bakiyamiriza iyo ngendo y’umugambwe uri ku butegetsi.