“Umuntu yibaza ko yontera ubwoba, ni areke kwiruhisha !” Ni muri ayo majambo umukuru w’Igihugu yakoresheje mu guha impanuro abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu masengesho yo gushimira Imana yari yatunganijwe i Gitega ku wa 28 Nyakanga. Hari inyuma y’aho hari ibihuha vyavuga ko hariko hategurwa itembagazwa ry’ubutegetsi igihe Evariste Ndayishimiye yari amaze iminsi mu mahanga.
None ivyo bihuha vyoba biva kuki ?
Umukuru w’Igihugu yari akwiye kwitwara gute muri kino gihe ?