Amakuru
19 mars 2022

Bugendana yishwe n’amarira nk’ahandi kubera ata fumbire ya FOMI, ikigoyi kikaba ari co kibarindiriye

Abajejwe intwaro n’abanyagihugu bahagurukiye rimwe kwiyamiriza ingendo y’ishirahamwe FOMI kubera ridashira mu ngiro ivyo ryiyemeje. Abarimyi baramaze kwihebura kubera kubura ifumbire iryo shirahamwe ryotegerejwe kuba ryarabahaye kuva kera, kandi bararirihiye. Komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, iri mu bundi burorero bugwiriye hose mu gihugu. Imirima n’ibiterwa vyaho bitituka umunsi ku munsi, abanyagihugu bakabura ayo bacira n’ayo bamira.