Amakuru
21 mai 2022

Birihutirwa ko Général-major Célestin Ndayisaba ahabwa uruhusha rwo kuja kuvurwa

Amagara ya Général-major Célestin Ndayisaba ntiyifashe neza. Uwo mukukuruke mu gisirikare apfungiwe uno munsi mw’ibohero ry’i Muramvya. Akurikiranwa muri dosiye y’igandagurwa ry’umukuru w’Igihugu Melchior Ndadaye. Umuryango wiwe ukaba usaba y’uko yomanukanwa i Bujumbura kuvurirwayo, ariko umushikirizamanza mukuru wa Republika yoba ataremera gutanga urwo ruhusha. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi), kwankira umupfungwa kwivuza ni icaha gikomeye. Agasaba y’uko uwo mupfungwa yohabwa ubwo burenganzira bwo kuvurwa nk’uko amategeko abimurekurira.