Amakuru
21 avril 2023

Birateye isoni kubona umuryango wa Bunyoni uburabuzwa kubera ivyaha vyoba bimwagira

Icaha cagira umuntu ku gatwe kiwe. Bivugwa na Eugène Nindorera, yahoze ari umushikiranganji w’Agateka ka zina muntu. Ni inyuma y’aho bamwe mu muryango w’uwahora ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni batabarije ko umupfasoni n’abana ba Bunyoni bariko baraburabuzwa. Eugène Nindorera avuga ko bitumvikana ukuntu umuryango w’uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Bunyoni utotezwa kubera icaha coba cagirizwa Bunyoni nyene.