Amakuru
6 août 2024

Birateye isoni kubona umukuru w’Igihugu yemera guhonyora ibitenge vy’abakenyezi (Inamahoro)

Inyuma y’urugendo rwamushikanye mu ntara 17 z’Uburundi mw’isekeza yise Inkebuzo, umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, ari kumwe n’umukenyezi wiwe, yaragarutse mu gisagara ca Bujumbura ku munsi wa mbere igenekerezo rya 29 Mukakaro umwaka w’2024. Ibikorwa nka vyose bikaba vyari vyahagaze mu gatondo ko ku munsi wa mbere. Abanyagihugu batari bake bari bararitswe kuza gusanganira umukuru w’Igihugu. Abakenyezi n’abigeme bo muri komine ya Mukaza bari bategetswe kwitwaza ibitenge baza gusasa mu nzira aho umukuru w’Igihugu aza guca, nk’uko hari ijwi ryaciye ku mbuga ngurukanabumenyi ry’umwe mu bakenyezi barongoye abandi muri zone ya Nyakabiga, ubutumwa bwari ubwo kugabisha uwo wese atokwitwaza igitenge.