Amakuru
9 novembre 2021

Birateye isoni kubona Gélase Ndabirabe ashikiriza amajambo acinyiza abakenyezi

Biratangaje kubona umukuru w’Imana nshingamateka avuga amajambo asubiza inyuma intambwe yatewe mu bijanye no gutorana kw’abakenyezi. Mu muhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, bibutsa ko mu gihe cose abategetsi bipfuza iterambere rirama, ari uko babanza gufata abanyagihugu kumwe. No mu Burundi, Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, abona ko gucinyiza ibice 52% vy’Abarundi bishobora gusubiza inyuma igihugu.